NON AU PROJET DE LOI RETROGRADE SUR LA PRESSE AU BURUNDI

nkunduburundi démocrate

/ #152

2013-04-29 16:30

Ingorane ziri i Burundi, ngo uwukize isemu yibagirwa icamwirukana. Jewe nibaza ko i Burundi canke ahandi umuntu wese arakeneye kumenya inkuru ziba mu gihugu ciwe atagahotoro karimwo uba mu nzego canke uba nyarucari. Reka rero kwitwaza Abazungu sibo barundi ahubwo dukwiye Abarundi twese kuba tubakomera amashi kuko bamwe bamwe niyo bize abandi niyo bahungiye niyo bashobora gushikiriza ivyiyumviro vyabo vyo kurwanya za ntwaro twiyamiriza nibo batanga amafaranga yo kubaka ya mabarabara ya kaburimbo, ingomero zumuyagankuba, ...ntihagire uzosubira kwigira akagarama rubanza ngo ego mama twarikukiye (kuva dushike kubutegetsi). umurundi wese kuva kumukuru w'igihugu gushika kuri nyarucari arakeneye ko inkuru yatanze iba ibanga aba kubutegetsi uno musi canke ejo ndi mu buzima busanzwe kuko niko bimeze ivyo kwisi. Ikibabaje nuko abarundi mu bwoko bwabo iyo buva bukagera bashitse kubutegetsi baca bigira Imana rugira vyose nuko bayigira mugokora ikibi mu kwica, mu kwiba, mu gutoteza abo batavuga rumwe, ... bagaca bibagirwa iyo bahora. Dusabe abarongozi dufise bashireho itegeko ryemerwa nayo makungu kuko ariyo adutunze kandi noneho nico CNDD/FDD yaharaniye.