NON AU PROJET DE LOI RETROGRADE SUR LA PRESSE AU BURUNDI


Visiteur

/ #159 Mots à WIYOTS'IKI

2013-04-30 08:58

WIYOTS'IKI (http://www.reverbnation.com/paskl/songs#)

Wiyots'iki, mutegetsi, iyi ndirimbo ni rwawe

Igihe navuga "BAZORIRA", wagira ngo ninde Mbarira?


(Verse 1)

Wiyotsa iki mutegetsi

Wiyotsa iki mushinga mateka

Wiyotsa iki mukenguza mateka

Wiyotsa iki mushikiranganji

Wiyotsa iki muyobozi

Wiyotsa iki mushingwantwaro

Wiyotsa iki munyapolitike

Wiyotsa iki muvyukuri wiyotsa iki

wiyotsa iki utinya ko kija ahabona

Wiyotsa iki ushaka kiba akamizwe n'ingoma

Wiyotsa iki kigutera ubwoba

Wiyotsa iki ugerako ugasha

Wiyotsa iki wiyotsa iki


(Churus)

Ubwo si ryatunga ry'igihugu wam'usahura

Ubwo si babanyagihugu wama ukubagura

Ubwo si zanzirakarengane uguma utoteza

Wiyotsa iki vugisha ukuri wiyotsa iki Mutegetsi

tubarire tubarire twumve

Wiyotsa iki vugisha ukuri wiyotsa iki Mutegetsi


(Verse 2)

None nk'abo bamenyesha makuru

ubahora iki nimba ataco wiyotsa

Utinya iki muvyo bashikiriza

n'iki udashaka ko bagaragaza

coba ari igiki kikumaramaza

Bwoba ari bwabunyonyezi bugutera isoni

canke yamihambi igayitse ukorera munguni

Wiyotsa iki kigutesha umutwe

Muvyukuri wiyotsa iki wiyotsa iki Kikuraje ishinga

Wiyotsa iki kigutesha ibanga

wiyotsa iki Kikuraza maso wiyotsa iki

Kiguharika amaraso wiyotsa iki wiyotsa iki


(Chorus)

Ubwo si ryatunga ry'igihugu wam'usahura

Ubwo si babanyagihugu wama ukubagura

Ubwo si zanzirakarengane uguma utoteza

Wiyotsa iki vugisha ukuri wiyotsa iki Mutegetsi

tubarire tubarire twumve

Wiyotsa iki vugisha ukuri wiyotsa iki Mutegetsi


(Bridge)

Ibuka ugihinda agashitsi utarashikira ubutegetsi

Ukuntu utacana uwaka n'abategetsi

Nikangahe abamenyesha makuru

bahowe kuguha ijambo

kandi bariko bakora azi kabo

Wibagira vuba wibagira vuba

Reka abo bamenyesha amakuru bikorere

erega abanyagihugu barakeneye kumenya

=============================

Written & Recorded by: Pascal M

Produced by: Dj Daddy